Uko wahagera

Kuki Reta y'Uburundi Itugurura Amaradiyo Yafunze?


Umunyagihugu ariko yumviriza iradiyo mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi
Umunyagihugu ariko yumviriza iradiyo mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi

Umusi mpuzamakungu wahariwe amaradiyo ushitse mu Burundi amaradiyo atanu atumvikana ku mirongo ya FM mu gihugu. Ayo ni VOA, BBC, RPA, Bonesha na Rennaissance.

Ishirahamwe ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi, ABR, risaba ubutungane bw’Uburundi kuvana mu nzira imanza zijanye n’ayo maradiyo yugawe kugira umunyagihugu asubire kwumviriza iradiyo yipfuza

Mu ijambo Onesime Harubuntu arongoye ABR yashikirije mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo kuri uno wa gatatu yavuze ko akenshi amaradiyo yugarwa ku mvo za politike, umunyagihugu akaba ari we ahagwa.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, Frederic Nahimana, ku ruhande rwiwe ahanura abamenyeshamakuru gukora umwuga bisunze amategeko kugira amakosa yabonetse muri kahise ntaze asubire.

Kuva mu kwezi kwa gatanu mu 2015 hadutse imvururu zifatiye kuri manda y'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Pierre Nkurunziza, radiyo RPA, Bonesha FM na Renaissance zarugawe zagirizwa kugira uruhara mu guhakwa guhirika ubutegetsi bwa Perezida Nkurunziza.

Ishirahamwe rihurikiyemwo abamenyeshamakuru b'Abarundi, UBJ, rivuga ko abamenyeshamakuru barenga ijana bakorera ayo maradiyo bari mu buhungiro.

Hambavu y'amaradiyo yugawe mu Burundi inyuma yo guturirwa mu bucagucagu bw'igenekerezo rya 14 ukwezi kwa gatanu mu 2015, imirongo y'amaradiyo mpuzamakungu, Ijwi ry'Amerika na BBC, yarugawe n’urwego CNC.

Ikiringo c'amezi atandatu izo radiyo zari zahawe zaheze mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2017. Yamara CNC ivuga ko icihweza nimba izo radiyo zosubizwa FM mu Burundi canke ibihano vyobandanya

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerikai Bujumbura Raymond Nzimana

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:02 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG