Uko wahagera

Abafasha Uburundi Batewe Impungenge n'Iyugarwa rya VOA na BBC


Amadarapo y''ibihugu bihamagarira Uburundi kwubahiriza amategeko mpuzamakungu ajanye no gushikiriza ivyiyumviro

Ibihugu bifasha Uburundi bigizwe n’Amerika, Canada,Ububirigi, Ubudagi, Ubwongereza, Ubuyapani, Ubufaransa, Ubusuwissi, Ubuholande, Umuryango w’ubumwe bwa Buraya n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU bihamagarira Uburundi kubahiriza amategeko mpuzamakungu rwashizeko umukono.

Mu itangazo ivyo bihugu n’ayo mashirahamwe vyandikiye hamwe kuri uno wa gatanu vyavuze ko bitewe impungenge n’ingingo y’Uburundi yo kugara Burundu iradiyo y’Abongereza BBC,Kugumiza Ijwi ry’Amerika mu bihano vyo kutavugira kuri FM no kubuza abamenyeshamakuru b’Abarundi n’Abanyamahanga bari ku gataka k’ico gihugu gukorana n’iyo radiyo.

Ivyo bihugu bibandanya bivuga ko ikindi kibiraje ishinga ari ico yise “ikandamizwa ry’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru no kubuza abamenyeshamakuru kurangura umwuga wabo mu bwisanzure.”

Muri iryo tangazo ivyo bihugu bihanura ubutegetsi bw’Uburundi kwubahiriza amategeko ajanye no kwidegemvya mu gushikiriza ivyiyumviro vyaba biciye mumyiyerekano, mu bimenyeshamakuru canke mu kuba mu migambwe kanaka. Kubahiriza ayo mategeko ku bw’ivyo bihugu ni yo nzira yonyene ishobora gushikana Uburundi ku matora atagira akanenge kandi yizewe n’impande zose mu 2020.

Uburundi bwahagaritse burundu BBC bwongera bubuza abamenyeshakamkuru b’Abarundi n’abanyamahanga gukorana n’Ijwi ry’Amerika igenekerezo rya 29 ukwezi kwa gatatu uno mwaka wa 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG