Uko wahagera

Trump Aragabisha Irani Inyuma yo Kuva mu Masezerano ya Nikleyeli


Perezida Donald Trump arongoye inama ya Reta yiwe muri White House, Itariki 9/05/2018, i Washington.
Perezida Donald Trump arongoye inama ya Reta yiwe muri White House, Itariki 9/05/2018, i Washington.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yagabishije Irani ku musi wa gatatu ko hazoba ingaruka zikomeye mu gihe ico gihugu cohirahira kigatangura guhingura ibirwanisho vya Nikleyeli inyuma y’aho Amerika ivavanuye n’amasezerano mpuzamakungu yo mu mwaka wa 2015 yari agamije kubuza Irani gukora ivyo birwanisho.

Mu kiganiro yatangiye kubiro vya White House, Trump yavuze ko Amerika ishobora gusubizaho ibihano muvy’ubutunzi kugira igondoze Irani igaruke mu biganiro bishasha kuvya Nikleyeli, ku bikorwa vya gisirikare ico gihugu kirimwo muri Siriya, Yemeni n’ahandi mu burasirazuba bwo hagati.

Uwo mutegetsi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yagiriza Irani kuba gitera akajagari k’intambara mu karere.

Uwo mutegetsi yagize ati: "Tugiye gukora amasezerano meza, canke vyanse ntayandi masezerano tuzogira”.

Trump avuze ivyo, mugihe ibindi bihugu bitanu vyasinye ayo masezerano arivyo Ubudagi, Ubwongereza, Ubufaransa, Uburusiya n’Ubushinwa vyose bivuga ko bizobandanya bishigikira ayo masezerano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG