Uko wahagera

Irani Iriyamiriza Ibihano bya Amerika


Umukuru w’igihugu ca Iran Hassan Rouhani yavuze kw’igihugu ciwe kizohangana na Reta zunze ubumwe za Amerika mu kwiyamiriza ibihano bishasha bihabwa ico gihugu.

Ivyo Rouhani yabishikirije aho yari munama n’abategetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu yerekanywe kuri television. Iryo tangazo yarishikirije inyuma yaho Amerika itangarije ko ihaye ibindi bihano abantu n’amashirahamwe 18 bashigikiye umugambi wa reta wo guhingura amamisille ruhonyanganda.

Rouhani n’umunyapolitike afise ivyiyumviro bibayabaye ariko amaze igihe anegura imigambi itari mike ya Amerika, akavuga ko imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Amerika itari mu nzira nziza.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu bwatangaje ko bwahaye ibihano ishirahamwe nka Iran’s Elite Revolutionary Guards bavuga ko bari mumashirahamwe yagize ubushakashatsi mu mugambi wo guhingura amamisile ruhonyanganda.

Ubwo bushikiranganji buvuga kandi ko ukwo kuntu Irani ibandanya guhungabanya umutekano w’akarere k’ibihugu vy’abarabu bigaragara ko ititayeho umutekano canke iterambere ryako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG