Uko wahagera

Benjamin Netanyahu Yakeje Prezida Donald Trump


Prezida Donald Trump (i bubamfu), Benjamin Netanyahu (i buryo)

Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, Benjamin Netanyahu, yatanguye inama y’abashikiranganji kur’uyu w’Imana ahejeje kuvugana n’Umukuru w’Igihugu mushasha wa Amerika, Prezida Donald Trump. Netanyahu yatangaje ko Prezida Trump yamutumiye kubonana nawe mu kwezi kuza, yamara ntaco yashikirije kubijanye nuko boba bavuganye iyunguruzwa ry’ibiro vya ambasade ya Amerika mu gisagara ca Yerusalem.

Ikibazo c’iterabwoba rya isilamu kiri mu vyatandukanije Prezida Barack Obama yahora aramutswa Amerika, na Netanyahu. Ni mu gihe Netanyahu avuga ko Isilamu ariyo ibangamiye umutekano wa Israyeli, n’ibihugu vya Buraya, akavuga ko Obama yatandukanije ico kibazo n’ica Palestine, mu kugifata nk’uburenganzira bwo kwidegemvya.

Benjamin Netanyahu amenyesha ko hari ibibazo bitandukanye atumvikanyeko n’uwahora arongoye Amerika, nk’ikibazo ca Siriya, ibikoresho ruhonyanganda bihingurwa na Irani, n’ikibazo rero c’akarere ka Cisjordanie, Israyeli yigaruriye, ari nako kagize amatati ya Israyeli na Palestine.

Kur’uyu w’Imana, Israyeli ikaba yatangaje ko har’umugambi wo kwubaka izindi nyubakwa zishika ku majana atanu na mirongo itandatu na zitandatu, mur’ako karere ka Cisjordanie.

Netanyahu amenyesha ko intwaro ya Prezida Obama yahagaritse ivyo bikorwa, yamara ko yizeye ko intwaro nshasha ya Prezida Tump izoborohereza mur’ico gikorwa.

XS
SM
MD
LG