Uko wahagera

Amerika Yavuye mu Masezerano ya Nikleyeli na Irani


Perezida Donald Trump asinya kuva mu masezerano ya Nikleyeli na Irani, White House, Itariki 8/05/2018.
Perezida Donald Trump asinya kuva mu masezerano ya Nikleyeli na Irani, White House, Itariki 8/05/2018.

Perezida Donald Trump kuri uyu wa kabiri yakuye Reta zunze ubumwe z’Amerika mu masezerano mpuzamakungu yo mu mwaka wa 2015 yari agamije guhagarika porogaramu ya Nikleyeli ya Irani. Amerika ivuga ko yari amasezerano mabi ataco yabuza Irani kubandanya guteza imbere ibirwanisho vya Nikleyeli kandi ibangamire amakungu.

Uwo mutegetsi w’Amerika yavuze ko agiye gusubizaho ibihano vy’ubutunzi kuri Irani vyo ku rwego rwo hejuru.

Trump yavuze ko yuguruye umuryango wo gukorana n’ibihugu bicuditse vya Burayi kugira bongere baganire gusha n’igihugu ca Irani kugira hahagarikwe ukugeregeza ivyo birwanisho no kukibuza ibikorwa vya gisirikare muri Siriya, Yemeni, n’ahandi mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati, n’aho Irani cahakanye ko kidahirahira gisubira mu biganiro.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yavuze ku rubuga rwa Twitter ko Ubufaransa, Ubudagi n’Ubwongereza bababajwe n’ingingo y’Amerika yo kuvavanura n’ayo masezerano.

Ikigo mpuzamakungu gicungera ivy’ibirwanisho ruhonyanganda caremeje incuro cumi ko Irani cubahiriza ayo masezerano.

Perezida wa Irani Hassan Rouhani yavuze ko igihugu ciwe kizoguma muri ayo masezerano igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kitarimwo.

Ayo masezerano amaze imyaka itatu yakuyeho ibihano vyari vyafatiwe Irani muvy’ubutunzi Irani naco kigahagarika porogaramu ya Nikleyeli. Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli Benjamin Netanyahu yamye anegura ayo masezerano, abona ko perezida Trump bahuza uko babibona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG