Uko wahagera

Amerika Iragabisha Irani Kubirwanisho Ruhonyanganda


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yaragabishije igihugu ca Irani ku ngingo y’ico gihugu y’ukugerageza misile balistike.

Ivyo yabitangaje mu butumwa butari buke ku rubuga Twitter, aho yabandanije kwiyamiriza amasezerano Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu bitanu bikomeye vyo kw’isi vyashitseko na Irani ku mugambi wayo werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Perezida Trump yatangaje ko Irani yotegerezwa gushima ku vyerekeye amasezerano yashitsweko.

Ayo masezerano yishuye ku vyagirizo vy'uko Irani yariko igerageza gukora ibirwanisho ruhonyanganda. Ivyagirizo Irani yahakanye. Ayo masezerano asaba Irani kugabanya guhingura uranium ku buryo ishobora gukorehswa mu gukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Ku musi wa gatatu, abategetsi ba Reta ya Amerika bavuze kw’ingingo ya Irani y’ukugerageza misile balistike ari agasomborotso, kandi ko bihungabanya umutekano mu karere. Abo bategetsi batangaza ko Amerika izokwishura mu buryo bukwirikiye.

Irani yaremeje ku musi wa gatatu ko yagerageje misile balistike ku musi w’Imana.

Yamara kw’ivyo bitaciye kubiri n’amasezerano yashitsweko n’ibihugu bitandatu bikomeye vyo kw’isi.

XS
SM
MD
LG