Uko wahagera

Iran Ntizongera Kuganira Amasezerano n'Amerika


Perezida w’igihugu ca Irani, Hassan Rouhani, yatangaje uno musi ku wa kabiri, ko atazokwiyumvira gusubira kuganira amasezerano yerekeye ibirwanisho ruhonyanganda na Reta yimirije muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ya Donald Trump.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, uno musi ku wa kabiri, ku musi w’ukwibuka umwaka urangiye Irani ishitse ku masezerano n’amakungu, Rouhani avuga ko ko kugerageza gususbira kuganaira ayo masezerano ata nsiguro vyoba bifise.

Rouhani, avuga kw’amasezerano yarangiye, ko yemejwe n’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi.

Prezida yavuye mu matora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yanebaguye incuro zitari nke ayo masezerano. Amasezerano yashitsweko mu mwaka uheze hagati ya Irani n’ibihugu bitari bike vyo mu burengero bw’isi agabanya ubushobozi bwa Irani bw’uguhingura uranium, mu buryo ishobora gukorehwa mu gukora ibirwanisho ruhonyanganda. Ayo masezerano yatumye kandi ibihano vyafatiwe Irani vyoroshwa.

Abategetsi b’umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi n’abategetsi b’Ubwongereza nabo nyene batangaje, muri iyi ndwi, ko batoshigikira ivyerekeye gusubira kuganira ayo masezerano.

XS
SM
MD
LG