Uko wahagera

RDC: Reta Yiyemeje Gutunganya Amatora n'Amafaranga Yayo Bwite


Perezida Joseph Kabila mu nama y'abagwizatunga mu gisata c'ubutare, Kinshasa, itariki 7/03/2018.

Igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo catangaje kur’uyu w’Imana ko cafashe ingingo yo kwironderera ubwaco uburyo bw'amafaranga akenewe mu gutunganya amatora agenewe kurondera uwuzosubirira Perezida Joseph Kabila, gica gisaba abanyamahanga bipfuza gufasha mur’ico gisata gutumbereza ayo mafaranga mu bindi bisata.

Umuvugizi wa reta, Lambert Mende yagize ati: "RDC kirafise uburyo bw’amafaranga akenewe mu gutunganya amatora yo kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri kuko turabona umwimbu wiyongera mu kigega ca reta ". Ivyo yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Mende yongeyeko ati "Ntidushaka gusubira kubona ivyabaye muri kahise aho abatanga amafaranga baca bagomba ko ibiva mu matora biba uko bipfuza”.

Iyo ngingo yafatiwe mu nama yahuje inzego za reta yabaye ku musi wa gatandatu yari irongowe na Perezida Kabila. Yarimwo abashikiranganji, abakuru b’inama nshingamateka na nkenguzamateka, abakuru ba gisirikare n’igiporisi.

Abandi bari mur'iyo nama ni abategetsi barongoye umurwi Ceni ujejwe gutunganya amatora hamwe n’umurwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo kuwa 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri yumvikanyweko n'abanyeporitike, arongowe na Ekleziya Katolika.

Ku musi wa kabiri, inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano bitegekanijwe ko yongera gufata ingingo yo kwongereza ikindi kiringo ca Monusco muri RDC, kandi ico gisata ca ONU kigiye kuzezwa ikibazo c’amatora, vyiyongera ku gukingira abanyagihugu, nkuko amakuru ava mu badiplomate b’Abanyaburaya bari i Kinshasa abivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG