Abepiskopi ba Ekleziya Katolika muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo basavye kur’uyu wa kane Abanyekongo kuzibira inzira zose z’abipfuza kwigumiza ku butegetsi.
Umuvugizi w’inama nkuru y’Abepiskopi muri Kongo, patiri Donatien Nshole yagize ati: “Duhamagariye Abanyekongo kuguma bahagaze kandi bari maso, baharanire kazoza kabo kandi bazibire mu mahoro n’umutekano abipfuza kwigarurira igihugu baciye kubiri n’inzira za demokarasi”.
Yabishikirije mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane.
Ku musi wa kabiri, intumwa zaserukiye Abepiskopi Katolika muri RDC barakiriwe na Perezida wa Kongo Brazaville, Denis Sassou Nguesso mu ntumbero yo gukinga icoshika, ivyatumye imigenderanire hagati ya reta na Ekleziya Katolika itosekara.
Icuka ca politike catanguye kuba nabi mur'ico gihugu kuva aho Perezida Joseph Kabila bigaragariye ko agumye ku butegetsi mu gihe ibiringo bibiri yari yemerewe n’amategeko vyarangiye kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016.
Amatora yo gutegura uwuzomusubirira ategekanijwe kw’italiki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.
Facebook Forum