Uko wahagera

RDC: Amatora y'Umukuru w'Igihugu ni muri 2018


Corneille Nangaa, perezida wa Komisiyo y'amatora muri RDC.

Ikirangamisi c’amatora y’umukuru w’igihugu cari kimaze igihe kitari gito kirindiriwe muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kur’uyu w’Imana catangajwe.

Komisiyo y’amatora yatangaje ko ayo matora azoba kw’itariki ya 23 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, umwaka wa 2018.

Ayo matora yar’ategekanijwe mu mwaka wa 2016, ariko umurwi w’igihugu ujejwe kuyatunganya wavuze ko bidashoboka mur’ico kiringo bivanye n’intambara ibera mu ntara ya Kasai itorohereza iyandikwa ry’abazotora.

Perezida Joseph Kabila yaranse kuva ku butegetsi n’aho ikiringo ciwe kigira kabiri ari naco canyuma carangiye mu mwaka uheze.

Mu nyuma Komisiyo y’amatora yavuze ko ata matora ashoboka imbere y’umwaka wa 2019.

Mu rugendo aherukamwo muri Kongo, Niki Haley, Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU yasavye ko amatora abwirizwa gutunganwa mu mwaka wa 2018, atar’uko ico gihugu ntikizoronka imfashanyo y’amakungu mw’itunganwa ryayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG