Uko wahagera

Amerika Isaba Joseph Kabila Gukinjura Inyuma y'Amatora


Nikki Haley Ambasaderi w'Amerika muri ONUna Joseph Kabila, i Kinshasa.
Nikki Haley Ambasaderi w'Amerika muri ONUna Joseph Kabila, i Kinshasa.

Reta zunze ubumwe zasavye Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuva ku butegetsi inyuma y’amatora yatangajwe kuzoba mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka wa 2018.

Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa kabiri na deparotema ya reta y’Amerika ibicishije kuri ambasade wa Reta zunze ubumwe z’Amerika I Kinshasa yanashimye n’itangazwa ry’ikirangamisi c’amatora.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zitangaza ko Perezida Kabila abwirizwa kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, nkuko vyasubiye kwibutswa mu masezerano abanyepolitike b’ico gihugu bumvikanyeko ko ata kiringo kigira gatatu akwiye gutwara.

Amerika ivuga ko yiyemeje gukorana n’abanyagihugu hamwe n’inzego za Kongo, umuryango w’ubumwe bw’Afrika, ibihugu bigenzi vyaba vyo mu karere no mu makungu hamwe na ONU, kugira imiriyoni 45 z’Abanyekongo bazotore ku gihe nkuko bitegekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG