Uko wahagera

USA Irashimishwa n'Ikirangamisi c'Amatora muri RDC


Nikki Haley, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU mu rugendo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Reta zunze ubumwe z’Amerika irashimishwa n’itangazwa ry’ikirangamisi c’amatora y’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kandi ivuga ko ar’intambuko mw’ibisikanya ku butegetsi.

Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa mbere na Ambasaderi w’Amerika muri ONU, Nikki Haley.

Haley yongeye kandi kugabisha ko umutegetsi azokwongera gutevya canke kugerageza kuguma ku butegetsi ata kindi bizovyara atar’ugukumira abategetsi na reta ya Kongo.

Mu rugendo aherukamwo mur’ico gihugu, Haley yaragabishije abategetsi ba Kongo Kinshasa ko ari ngombwa ko amatora y’umukuru w’igihugu aba mu mwaka w’2018.

Ntihaciye kabiri, ikirangamisi c’amatora caciye gitangazwa ku musi w’Imana, gitegekanya amatora y'umukuru w'igihugu kw’itariki ya 23 y’ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.

Abatavugarumwe n’ubutegetsi baracanse bavuga ko Perezida Joseph Kabila abwirizwa kuva ku butegetsi mu mpera z’uyu mwaka w’2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG