Uko wahagera

RDC: Abakatolika Basaba Guterres Kugira Uruhara mu Matora


Abakatolika muri RDC mu myiyerekano mu mabarabara ya Kinshasa, itariki 31/12/2017.
Abakatolika muri RDC mu myiyerekano mu mabarabara ya Kinshasa, itariki 31/12/2017.

Urunani rw’Abakatolika rwatanguje imyiyerekano yiyamiriza Perezida Joseph Kabila rwasavye kur’uyu w’Imana umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwongereza inguvu mu kugira uruhara mw’itunganywa ry’amatora atagekanijwe kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Mu rwandiko barungikiye Antonio Guterres, urwo runani rusaba ONU kwongereza uburyo iha igisata caryo Monusco mu gukingira abasivile mu kiringo c’imbere hamwe n’inyuma y’amatora.

Ikiringo ca Monusco kizovugururwa kw’itariki ya 27 y’ukwezi kwa gatatu mw’itegeko risha ryemejwe n’inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano.

Urwo runani rusaba Guterres ko itariki ya 30 z’uku kwezi kwa kane woba umusi reta ya Kabila ishira mu ngiro ingingo za poritike zorohereza ubuzima bw’abanyagihugu, nko kurekura abapfungiwe ivya poritike, gukuraho imitahe y’ubutungane ikurikirana abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke abanyeporitike bahunze igihugu.

Biyemeje kandi ko bagiye guhagarika imyiyerekano gushika kw’itariki ya 30 z’ukwezi kwa kane, ariko kandi ko bazoyibandanya inyuma y’iryo sango mu gihe bobona ko reta idashize mu ngiro ivyo bayisavye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG