Uko wahagera

Urunani Anglikane na Katolika ku Mahoro muri RDC na Sudani y'Epfo


Umwepiskopi wa Angicane muri Nijeriya Josiah Idowu-Fearon avuga mu biganiro i Abuja, Nijeriya, itariki ya 22/01/2015.
Umwepiskopi wa Angicane muri Nijeriya Josiah Idowu-Fearon avuga mu biganiro i Abuja, Nijeriya, itariki ya 22/01/2015.

Umunyanijeriya Josiah Idowu-Fearon, umwepiskopi akaba n’umunyamabanga mukuru w’inama nkuru mw’ishengero rya Anglicane mur'ico gihugu, asaba abategetsi muri Sudani y’epfo na Republika iharanira demokarasi ya Kongo guhagarika ubwicanyi bakagarukana amahoro.

Idowu-Fearon yatangaje ko ishengero rya Anglicane rizokwifatanya na Ekleziya katolika mu twigoro irimwo two gusabira amahoro ivyo bihugu ku musi wa gatanu. Yavuze ko intambara mur’ivyo bihugu bibiri iterwa no kurwanira ubutegetsi, ati ni umugera wakwiragiye ku mugabane wa Afrika, aho kurwana bapfa amoko, ibiturire n’ubutegetsi vyiraye.

Umukuru w’ishengero Anglicane w’i Canterbury mu Bwongereza, Justin Welby, nawe arashigikiye akamo katewe na Papa Fransisiko ko guharira umusi wa gatanu ukaba uwo gusengera no kwisonzeshereza ibihugu vya Sudani y’epfo na RDC.

Papa Fransisiko na Justin Welby bari bategekanije kuzogendera Sudani y’epfo mu kwezi kwa gatatu, ariko Vaticano yarasibije urwo rugendo ku mvo zirimwo n’iz’umutekano muke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG