Uko wahagera

RDC: Kiliziya Gatolika Irasabira Amahoro Igihugu


Mu rusengero i Kinshasa, RDC, itariki 17/01/2018.
Mu rusengero i Kinshasa, RDC, itariki 17/01/2018.

Abakatolika muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bumviye kur’uyu wa gatanu akamo katewe na Papa Fransisiko ko gusabira amahoro igihugu cabo. Ivyo bibaye imbere y’imyiyerekano itegekanijwe ku musi w’Imana itumbereye kuremera Perezida Joseph Kabila kugira ave ku butegetsi.

Abantu bitabiriye ari benshi cane imisa yabereye mw’isengero rikuru ryo ku murwa mukuru, Kinshasa kur’uyu wa gatanu igihe c’isaha cumi na zibiri zo mu gitondo mu masaha y’aho. Imyiyerekano y’imbere y'aho yaraziririjwe na Reta, irashwiragizwa hakoreshejwe amasasu yica. Abantu 15 barahasize ubuzima, ariko abategetsi ba Reta bo bavuga ko abantu 2 gusa aribo bapfuye.

Papa Fransisiko yasavye Abakatolika muri Kongo gusabira amahoro igihugu cabo na Sudani yo mu bumanuko. Ivyo bihugu vyompi vyarasinzikajwe n’intambara zifatiye ku bwoko.

Abategetsi b’i Kinshasa ntibarekuriye canke ngo baziririze imyiyerekano itegekanijwe ku musi w’Imana. Batangaza ko ataco abayiteguye bababajije.

Amatora akwirikira muri Kongo ategekanijwe kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka w’i 2018. N’inyuma yuko yigijweyo mu kiringo c’imyaka ibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG