Uko wahagera

ONU: Guterres Aragabisha Abategetsi ba RDC ku Matora


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres yasavye abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kutadindiza imyiteguro y'amatora kandi bazoyatunganye nkuko bavyemeye mu mpera z’uyu mwaka.

Ivyo yabivuze muri raporo yama ashikiriza inama ya ONU ijejwe umutekano uko amezi ane ashize, ku bikorwa vy’umurwi wa MONUSCO ushinzwe kubungabunga amahoro n’umutekano muri RDC.

Yagize ati "Twiheje uko icuka ca politike cifashe mur’ico gihugu, birashoboka ko amatora arindiriwe igihe kitari gito ahungabanwa.

Reta hamwe n’abatavugarumwe na yo mu mpera z’umwaka wa 2016 barumvikanye ku masezerano asaba Perezida Joseph Kabila kuva ku butegetsi inyuma y’amatora yari kuba muri 2017.

Ariko ico kiringo c’amatora cagumye cigizwayo, bituma haba icuka kibi mu vya politike bituma kandi biyumvira ko Kabila agomba kwiyongera ibindi biringo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG