Uko wahagera

Amakungu Arashigikiye Ikirangamisi c'Amatora muri RDC


 Ambasaderi w'Amerika muri ONU Nikki Haley mu nama n'abategetsi ba RDC
Ambasaderi w'Amerika muri ONU Nikki Haley mu nama n'abategetsi ba RDC

Amakungu agizwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Burayi yashigikiye ikirangamisi c’amatora giheruka gutangazwa n’abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo, congereje umwaka ubutegetsi bwa perezida Joseph Kabila.

Mur’iyi ndwi, perezida Kabila yararonse intsinzi ya mbere atari bwigere aronka haraheze igihe kirekire: Nta gihugu na kimwe mu bihugu rutura carwanije ico kirangamisi catangajwe na komisiyo y’amatora ku musi w’Imana.

Ico kirangamisi cashize amatora y’umukuru w’igihugu kw’itariki ya 23 y’ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.

Haraheze amezi Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’Ubumwe bwa Buraya bafatiye ibihano abategetsi begereye Kabila bahowe kudundiza amatora.

Umuryango w’ubumwe bwa burayi wifatanije na Reta zunze ubumwe z’Amerika mu gushigikira ikiringo c’amatora catangajwe, wizera ko ar’intambwe ikomeye muri demokarasi

Itangazwa ry’ico kirangamisi gushik’ubu ntamigumuko y’abanyagihugu irarikurikira ariko kw’itariki ya 15 y’ukwezi kwa cumi na kumwe, umuhari Lucha utegekanya guhamagarira abanyagihugu mw’ibarabara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG