Uko wahagera

Abarwanya Reta muri RDC Basaba Kabila Kuva ku Butegetsi


Abatavuga rumwe na reta muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo basavye ababashigikiye kugira iyindi myiyerekano, ejo ku musi wa kabiri, kugira basabe ko Perezida Joseph Kabila ava ku butegetsi.

Umuvugizi w’umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta ya Kongo, UDPS, Augustin Kabuya, yatangaje kw’iyo myiyerekano igenewe gusaba kw’amatora aba mu mpera z’uyu mwaka hisunzwe amasezerano yashistweko hagati ya reta n’abatavuga rumwe na yo.

Ayo masezerano hagati ya reta n’abatavuga rumwe na yo, yahagarikiwe na Ekleziya Katolika kw’italiki 31 z’ukwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’i 2016, asaba kw’amatora yokorwa mur’uku kwezi kw’icumi na kabiri.

Abatavuga rumwe na reta bayobowe n’umugambwe UDPS, basaba ko Prezida Kabila ava ku butegetsi mu mpera z’uyu mwaka. Batangaza kw’atipfuza na gato gutegura amatora. Hari icuka kibi ca politike mu gihe italiki 31 z’uku kwezi kw’icumi na kabiri zimirije.

Abatavuga rumwe na reta basaba ikiringo mfatakibanza kitarimwo Perezida Kabila inyuma y’iyo taliki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG