Uko wahagera

ONU Irasaba Perezida Kabila Kuva ku Butegetsi nk'Uko Yabisezeranije


Perezida wa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo Joseph Kabila n'uwungirije umunyamabanga mukuru wa ONU Jean-Pierre Lacroix.
Perezida wa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo Joseph Kabila n'uwungirije umunyamabanga mukuru wa ONU Jean-Pierre Lacroix.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rihamagarira umukuru w’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo Joseph Kabila gushira mu ngiro ivyo yiyemeje gukora akava ku butegetsi. Ni mu gihe abanyagihugu bari mu myirekano yo gusaba ko haba amatora y’umukuru w’igihugu mushasha.

Umunyamabanga wa ONU asaba abanyepolitike muri Kongo kubandanya gushira mu ngiro ivyo bemeranije gukora mu masezerano bapfunditse kw’itariki ya 31 z’ukwezi kwa 12 mu mwaka wi 2016.

Ayo masezerano avuga ko Kabila ategerezwa kuva ku butegetsi inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Ukwo gutevya gutunganya amatora vyatumye haba uruhagarara mu banyagihugu rwatumye abantu bagira amakenga yuko Kabila azaguma k’ubutegetsi inyuma y’intwaro amazeko imyaka 17.

Iyo myiyerekano n’uruhagarara mu banyagihugu irabandanya mu gihe Kabila yagumye ku butegetsi inyuma y’ibiringo bibiri yatorewe gutegeka vyarangiye mu kwezi kwa 12 k’umwaka wi 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG