Abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bahakanye ikirangamisi c’amatora catangajwe kur'uyu w'Imana n’umurwi ujejwe gutunganya amatora, basaba Perezida Joseph Kabila kuva ku butegetsi mu mpera z’uyu mwaka.
N’inyuma y’aho Komisiyo y’amatora muri Kongo itangarije kur’uyu w’Imana nyene ko amatora y’umukuru w’igihugu azoba kw’itariki ya 23 y’ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.
Umuvugizi w’umugambwe UDPS utavugarumwe n’ubutegetsi, Augustin Kabuya yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko ico bazi ar'uko Kabila ava ku butegetsi kw’itariki ya 31 y’ukwezi kwa cumi na kabiri 2017.
Facebook Forum