Uko wahagera

RDC: Mende Avuga ko Gutegura Amatora Bigenda Neza


Minisitiri Lambert Mende yasuye Ijwi ry'Amerika i Washington, DC

Umuvugizi wa Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo, yatangaje ko Perezida Joseph Kabila afise umugambi wo kwubahiriza ibwirizwa shingiro, akanasubiza ubutegetsi inyuma y’amatora ategekanijwe mu kwezi kwa 12.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Lambert Mende yavuze ko naho amatora yatebejwe, reta ya Kongo iriko irasozozera igikorwa co kwandika abazotora mu ntara za kure z’igihugu. Yasiguye kandi ko ibintu biriko bigenda neza ku buryo amatora azoba nk’uko vyategeanijwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora.

Mende yongeye avuga ko Perezida Kabila ata mugambi afise wo gusubira kwitoza, kandi ko mu kwezi kw’indwi, azotangaza umutegetsi azoba yahisemwo azohiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu n’abandi banyapolitike.

Nk’uko ibwirizwa shingiro rya Kongo ribivuga, perezida ntashobora gusubira kwitoza mu kiringo kigira gatatu yikwirikiranya.

Perezida Joseph Kabila yafashe ubutegetis mu kwezi kwa mbere mu mwaka w'2001, imisi mikeyi inyuma y’aho se wiwe, Laurent kabila, agandaguriwe. Yatowe kuba perezida mu mwaka 2006, yongera asubira gutorwa ubwa kabiri mu mwaka w’2011.

Yamara yaranse kuva ku butegetsi, igihe ikiringo ciwe cari kirangiye mu kwezi kwa 12 mu 2016. Amatora yo guhitamwo umutegetsi amusubirira, yagumye yigizwa inyuma, maze bituma abanyapolitike batavuga rumwe nawe, bamurega kw’ariko aratebesha amatora kuko adashaka kuva ku butegetsi; ibirego yagumye ahakana.

Mu biganiro vyahagarikiwe n’abihebeye imana, harabonetse amasezerano hagati ya Kabila hamwe n’abanyapolitike batavuga rumwe nawe, yavuga ko Perezida Kabila yari kuva ku butegetsi mu mpera z’umwaka uheze, kugira ngo hace haba amatora mu ntango z’uyu mwaka w’2018. Yamara Kabila, ntiyubahirije ayo masezerano, maze amatora aca yungururizwa mu mpera z’umwaka w’2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG