Uko wahagera

Uburundi Bwemeza ko Ubwandu bwa Covid-19 Bwabaye Bwinshi


Jimmy Hatungimana atwara igisagara ca Bujumbura
Jimmy Hatungimana atwara igisagara ca Bujumbura

Ikiza ca covid-19 kiriho mu Burundi kandi ku bwinshi. Vyashikirijwe na Jimmy Hatungimana arongoye igisagara ca Bujumbura mu nama n’abarongoye abandi. Mu gisagara arongoye uwuzofatwa mu makoraniro atambaye agafukamunwa azocibwa ihadabu y’ibihumbi ijana.

Uwurongoye inama nshingamateka y’Uburundi nawe nyene arashimangira ko bamaze kwinjiranwa agasaba abashingamateka kwipimisha kenshi gashoboka no guhimiriza abo baserukira.

Mu nama n’abarongoye intwaro n’abaserukira igipolisi mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura, Jimmy Hatungimana arongoye ico gisagara yabamensyesheje ko binjiranywe n’ikiza ca covid-19 kandi ko kibangamiye imiryango. Yabasavye kwikingira aho bari hose na cane cane mu ma koraniro, ahahurira abantu benshi mu kwambara agapfukamunwa.

Jimmy Hatungimana yamenyesheje ko uwugifise agahigihigi yotembera mu bitaro vya Bujumbura akirabira uko ico kiza kibangamiye abanyagihugu. Aca abamenyesha ko bobandanya bahimiriza abo barongoye uwutazokurikiza impanuro yahawe akazohanishwa ihadabu y’ibihumbi ijana n’abo barongoye abandi badasigaye inyuma.

Na Gérase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka aremanga ko ico kiza gihari mu Burundi kandi ku bwinshi. Asaba abashingamateka kwipimisha kenshi gashoboka kugira bamenye uko amagara yabo yifashe.

Naho rero biri uko, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca arongoye n’umugwi w’igihugu wo kurwanya ikiza ca corona amenyesha ko mu Burundi atawe bazohatira gufata urucanco. Ni mu gihe ibindi bihugu bihimiriza abanyagihugu kwicandagisha, imwe mu nzira zirashe yo kugwanya covid-19.

Muganga Yohani Minani yigeze kurongora ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi ku ntwaro ya Melchior Ndadaye amenyesha ko reta iriko yitwara nabi mu bijanye no gutuza ico kiza. Agasaba umukuru w’igihugu gufata iya mbere mu kugwanya ako karanda uwutamukurikiye akabogozwa. Igihugu c’Uburundi ni co co nyene mu karere ka Afrika y’ubuseruko kitaratangura gucandanga abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG