Uko wahagera

Mu Burundi Abanyeshuli Barenga 100 Banduye Covid-19


Kuva ku musi wa kane w’indwi ishize, amashure yisumbuye ya Mwaro hagati mu gihugu c’Uburundi na Seminari ntoya ya Kanyosha yarabonetseko abanyeshure bagwaye.

Irya mbere ririko abarenga 30 mu gihe irya kabiri ubu riharurwamwo abarenga 80 nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yabiribwiye.

Aha kw’ishure rya Seminari ntoya ya Kanyosha mu bumanuko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura hari bamwe mu banyamakuru banditse ku mbuga nkoranyambaga ko abagwaye bamaze kurenga 100.

Amashure yandi haba ku migwa mikuru y’intara n’ahandi haravuzwe abana bagwaye abavyeyi bagahitamwo kuja gupimisha ababo umwe umwe wese ku giti ciwe.

Kuri uyu wa mbere, komite ijejwe kugwanya Covid-19 yakoranye maze iraba uko ibintu vyifashe mu gihugu.

Muganga Thaddee Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu yemeje ko hanzuwe ko ata mashure ateganywa kugarwa n’ubwo hibonekeza abanyeshure bandura Covid-19.

Muganga Ndikumana yanagarutse ku kibazo kijanye no kwambara agafukamunwa. Inzego zitari nke zirimwo ibiro vy’umukuru w’igihugu, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, ikigo OBR cegeranya amakori n’amatagisi ya Reta n’intara zirimwo Rumonge na Karusi hagati na hagati hashira hagati n’ubumanuko bushira uburengero ba bulamatari basavye naho nyene ko abitura ibisata bitandukanye babwirizwa kuba bambaye agafukamunwa.

Iyi ngingo yo kukambara iraba abakora mu gisata c’abunguruza abantu n’ibintu n’ingenzi gusa kuva kuwa mbere w’indwi iheze.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yemeje ko izi ngingo zitari ngombwa.
Uyu musi nta makuru ku bitigiri bishasha komite y’igihugu igwanya Covid-19 yatanze. Ariko Ijwi ry’Amerika rifatiye ku makuru rihabwa n’abari mu gisagara ca Bujumbura, mu ntara za Ngozi na Kayanza mu buraruko na Makamba mu bumanuko abantu ubu banduye umugera wa Covid-19 barenga 1300.

Ufatiye ku makuru atangwa na Reta, abantu babiri ni bo bamaze guhitanwa n’umugera wa Coronavirus.

Haheze indwi Uburundi bwugaye imbibe zo hasi no mu mazi mu ntumbero yo kugwanya ikwirakwira rya Covid-19.

Kuva ico gihe nyene haratanguye isekeza rishasha ryo gupima umugera wa Corona mu kiringo c’umwaka cane cane ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG