Uko wahagera

Uburundi Butangaza ko Butarafata Ingingo yo Kwakira Urucanco rwa COVID-19


Muganga Thadee Ndikumana, atwara Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi
Muganga Thadee Ndikumana, atwara Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi

Uburundi butangaza ko butarafata ingingo yo kwakira no gutanga incanco z’umugera wa Corona. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana yabitangarije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane.

Muri ico kiganiro, Muganga Ndikumana yavuze ko isekeza ryo guhimiriza abantu kwirinda Covid-19, ari rwo rukingo ruruta urwo amakungu ariko aratanga. Muganga Ndikumana yashimangiye ko ata cihutirwa mu kwakira urwo rucanco ruriko ruratangwa mu bihugu vyinshi, kandi abarwayi mu Burundi "babandanya kugabanuka".

Ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi vyerekana ko abantu barenga 2800 ari bo bamaze kwandura Virusi ya Corona kuva yashika muri ico gihugu umwaka uraheze. Ubwo bushikiranganji bwemeza ko muri abo, abagera ku 242 barimwo 50 b'indembe bakirwaye, 6 nabo bamaze guhitanwa n'ico kiza. Ibitangazamakuru n’imbuga ngurukanabumenyi yamara vyo vyemeza ko abarwaye n’abitavye Imana barenga abo.

Hagati aho, ikiringo abantu bamara ahantu bugaraniwe, bita “Quarantaine”, mu gusuzuma ko umuntu avuye hanze y’igihugu yinjira mu Burundi yoba afise umugera wa Covid-19 cagabanijwe kivanwa ku minsi 7 kija ku minsi 4.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Ibiharuro vy'abanduye Covid-19 mu Burundi Ntibihurizwako
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:03 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG