Uko wahagera

Uburundi Bwirukanye Uwuserukira OMS n'Abandi Bakozi Batatu


Muganga Walter Kazadi Mulombo
Muganga Walter Kazadi Mulombo

Reta y'Uburundi yirukanye uwuserukira ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS.

Mw'ikete bwashizweko umukono ejo ku wa kabiri, rikaja ahabona uno munsi, ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu ntibwavuze ico buhoye muganga Walter Kazadi Mulombo.

Muganga Walter co kimwe n'abandi bahinga batatu ba OMS birukanywe ku gataka k'Uburundi, bahawe kugera ku munsi wa gatanu bakaba bakinjuye.

Ikiza ca Virusi ya Corona kigitangura kuvugwa mu karere ka Afurika y'ubuseruko imbere y'uko Uburundi bwemeza umuntu wa mbere yanduye uwo mugera, hari amakuru yakomeje guhanahanwa yuko muganga Mulombo yoba yarasatiriye Reta y'Uburundi asaba ko amakuru menshi bita "Kinyegezwa" ku vya virusi ya Corona muri ico gihugu aja ahabona.

Muganga Walter Kazadi Mulombo yirukanywe mu gihugu c'Uburundi yari amazemwo imyaka ine ahagarariyemwo OMS nkuko biri ku rubuga rwiwe rwa Linkedin.

Abamaze kumenyekana ko banduye virusi ya Corona mu Burundi ni 27. Mu gihe umwe ari we yemejwe ku yahitanywe na wo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG