Uko wahagera

Ibibanza vyo Gupimiramwo COVID19 mu Burundi Vyoba Bikwiye?


Mu gihe turi mu ndwi igira kabiri umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Burundi atanguje isekeza ryo gupima ikivunga umugera wa CORONA, bamwe mu banyagihugu biketse iyo ngwara mu ntara za Ngozi na Kayanza aho imaze kuboneka barinda kumanuka kwipimisha I Bujumbura.

Umusi yatanguza iryo sekeza, muganga Thaddée Ndikumana aramutswa ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu mu Burundi yatangaje ko ibibanza vyo gupima umugera wa COVID-19 bizokwiragizwa mu gihugu hagati kugira abiketse ibimenyetso vy’uwo mugera boroherwe mu kwipimisha. Yamara, amakuru Ijwi ry’Amerika rifise kandi atohojwe neza aremeza ko ikigo kimwe gusa kimaze gushingwa ku mupaka wa Gisuru uhuza Tanzaniya n’Uburundi mu ntara ya Ruyigi.

Abanyagihugu bo mu ntara za Ngozi, Muyinga, Kayanza na Kirundo bashoboye gushikiriza ivyipfuzo vyabo Ijwi ry’Amerika basaba Reta ko yobaronsa n’imiburiburi ikigo kimwe gihuza izo ntara 4 mu gisagara ca Ngozi.

Kuri bo, ico kigo coba kirapfunyiriza urugendo abipfuza kwipimisha virusi ya CORONA mu kurindindira ko intara zironswa ibibanza vyazo bwite vyo gupimiramwo ikivunga uwo mugera

Amakuru ashikira Ijwi ry’Amerika, amenyesha ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bugomba gushira ikindi kibanza ku mupaka wa Kobero mu ntara ya Muyinga ihana urubibe na Tanzaniya. Ivyo bibanza biriko bishingwa ku mipaka Tanzaniya ihana n’Uburundi bije korohereza abahunguka gutaha iwabo vyihuse nk’uko ayo makuru abivuga. Nimu gihe bahora bugaranwa ikivunga mu bibanza vyatowe aho bakurikiranwako atabimenyetso vya COVID-19 bafise imbere yo gutaha.

Tubibutse ko isekeza ryo gupima ikivuga umugera wa COVID-19 ryatangujwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu itariki ya 6/7/2020. Ibibanza bitatu mu gisagara ca Bujumbura bikaba vyaratowe kugira vyakire abitura abaganga banonosoye ibijanye no gupima umugera wa CORONA.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG