Uko wahagera

Kuki Uburundi Bwankiye ONU Kuraba Uko Abapimwa COVID19 Babayeho?


Doudou Diene,Umuyobozi wa komisiyo ya ONU ijejwe amatohoza ku Burundi,
Doudou Diene,Umuyobozi wa komisiyo ya ONU ijejwe amatohoza ku Burundi,

Komisiyo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe amatohoza ku Burundi yasavye reta y’ico gihugu kurwanya ikiza c’umugera wa Corona biciye mu muco hamwe n’ukwubahiriza ibisabwa n’amakungu.

Mu cegeranyo c'iyo komisiyo, abayigize bavuze ko abategetsi b’ico gihugu bankiye amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu arimwo ONU gushika ku rubuga kuraba uko abantu begeranirijwe hamwe bapimwa COVID19 babayeho. Mu bankiwe gushika ku rubuga, iyo komisiyo ivuga ko harimwo n'abakozi ba ONU.

Iyo komisiyo yavuze ko itewe impungenge n'ingaruka ico kiza gishobora kugira ku banyagihugu. Kugeza ino saha, abamaze kumenyekana ko banduye uwo mugera mu Burundi ni 3.

Mu gihe abashika ku 3000 ari bo begeranirijwe mu bibanza bitandukanye basuzumirwamwo, ONU yasiguye muri ico cegeranyo ko ibibanza begeranirijwemwo bidashemeye bivanye n'uko ata mazi meza bifise, ndetse ngo n'ibifungurwa bahabwa ntibishemeye.

Mu vyo komisiyo ya ONU ijejwe amatohaoza ku Burundi yasohoye uno musi ku wa gatanu, yashimikiye ku burenganzira bw’ugushikiriza amakuru n’ivyiyumviro mu kuvuga ko ari ibintu nkenerwa cane mu gihe c’ibiza.

Iyo komisiyo ivuga ko ubwo burenganzira budakwiriye kugeramirwa mu kudashikiriza amakuru y’ukuri atohojwe kubera aba atandukanye n’ayatangwa n’abategetsi canke anebagura ingingo zifashwe na reta.

Mu gihe umugera wa Corona uriko urakwiragira kw’isi, harimwo umugabane wa Afrika, komisiyo ya ONU ijejwe amatohoza ku Burundi isaba abategetsi b’ico gihugu gukorana mu muco n’amashirahamwe mpuzamakungu hamwe n'yategamiye reta.

Iyo komisiyo isaba kandi ishirwa mu ngiro bidatevye ry’ivyasabwe n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, cane cane kwirinda kuramukanya n’iminwe hamwe n’ukwegerana ah’ukugabisha abantu baba bavyubahirije.

Komisiyo ya ONU ijejwe amatohoza ku Burundi isaba Reta ya Prezida Pierre Nkurunziza gushiraho mu buryo bwihuta imigambi irashe y’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona hamwe n’ugufasha abantu babikeneye ikoresheje uburyo ifise canke igasaba imfashanyo amakungu mu gihe uburyo ifise butoba buhagije.

Umuyobozi wa komisiyo ya ONU ijejwe amatohoza ku Burundi, Doudou Diène, avuga ko ikiza c’umugera wa Corona kidakwiye gukoreshwa ku mpamvu za politike canke z’ubutunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG