Uko wahagera

Uburundi Bwankiye Indege y'Ababirigi Kururukira ku Kibuga Cabwo


Ifoto y'Indege y'Ababirigi mu gituro cayo i Buruseri
Ifoto y'Indege y'Ababirigi mu gituro cayo i Buruseri

Hari abarundi barenga cumi babuze ayo bacira n'ayo bamira ku kibuga c'indege gikuru c'Ububirigi, Zaventem. Indege yegukira Ububirigi, Brussels Airlines, nimero 1456 yari ibwirijwe kubatwara mu Burundi yabwiwe ku munota wa nyuma ko ata ruhusha ifise rwo kuza kururukira ku kibuga mpuzamakungu c'Uburundi citiriwe Melchior Ndadaye. Ubutumwa iyo ndege yarungikiye ingenzi zari kuyijamwo zerekeza i Bujumbura Ijwi ry'Amerika rifitiye kopi bugira buti: " Turababajwe no kubamenyesha ko urugendo rwanyu rusibijwe. Turacarindiriye uruhusha ruturekurira kwururukira mu Burundi, hagize igihinduka turaza kubabwira."

Ambasaderi Therence Ntahiraja aserukira Uburundi mu Bubirigi naho atashimye guha ikiganiro Ijwi ry'Amerika, mu majambo make yaryemereye ivy'ano makuru avuga ko ari ikibazo catewe ahanini n'uko ubu impusha zemerera indege kururukira mu Burundi kubera ikiza ca virusi ya Corona zitangwa biciye mu nzira ndende, gutyo bikaba vyadindijwe n'akaruhuko katanzwe ejo ku wa mbere itariki 24 ku munsi w'amatora y'abakuru b'amakaritiye n'imitumba. Ambasaderi Ntahiraja yavuze ko mu mpera z'ino ndwi iyo ndege ishobora guhabwa uruhusha rwo kururukira i Bujumbura.

Ijwi ry'Amerika ntiturashobora kuronka uruhande rw'abakiri mu kibuga c'indege mu bofashe urwo rugendo ngo tubabaze uko bamerewe. Ico bikoze mu butumwa bw'amajwi umwe mu bari ngaho tukirondeza uko twomushikira yarungitse abicishije ku mbugangurukanabumenyi yagize ati :" Jewe ndi ku kibuga c'indege kandi turi kumwe n'abandi barundi bari bavuye mu bindi bihugu, indege yari kudushikana sa yine na nusu y'ijoro, rero ubu ikibazo kihari ni iyo tuja na cane cane ko abaje bava muri za Amerika tudashobora kuronka indege idusubiza inyuma ubu nyene, hari n'abo impusha za visa zabaha kuba mu bihugu baje baturukamwo ziriko zirahera...inzara ku badafise amafaranga yo kwigaburira,...ntitwemerewe kuja mu Bubirigi."

Ku rundi ruhande umwe mu bari gufata urugendo asanzwe aba mu Bubirigi yabwiye uwamusanze ku kibuga ari bumurungikane impamba amutwarira mu Burundi twashoboye kwivuganira ati:" Ni akamaramaza umuntu kugira afate ingendo nk'izi aba amaze igihe avyiteguriye, ntakundi"

Hagati aho, umurundi akorera ku kibuga c'i Zaventem mu bisata bikorera muhira bivuye ku kiza ca Virusi ya Corona nawe yatubwiye ko naho ata vyinshi aramenya ku catumye ino ndege idahabwa uruhusha rwo kuza kururuka, igenekerezo rya 11 uku kwezi hari iyerekeje i Bujumbura ifise uruhusha rwo kururuka ariko ihashitse naho ingenzi zari zifise ibipimo vya Covid19 vyari vyasabwe, ingezi zagiye guhabwa uruhusha rwo kururuka indege inyuma y'umwanya munini ishitse. Ico gihe, bavuga ko kugira zemererwe gusohoka bari bakirindiriye uruhusha ruva " mu bategetsi bo hejuru" nk'uko isoko ryacu ryabidusiguriye, risesangura ryagira riti: " None Uburundi na SN boba hari aho batahurije mu vyerekeye indege ziguruka zerekeza i Bujumbura canke SN yanse kongera kwiroha itaramenya neza niba bitaza gusubira kuba ubufindo mu gushikana ingenzi zayo? i Bujumbura basa nk'abananiza indege z'Ububirigi cane"

Uwo mukozi ku kibuga c'indege gikuru c'Ububirigi yatubwiye kandi ko amategeko atomora ko iyo indege isibijwe ingenzi zidafise za visa zibaha uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu rubuzuriranyeko, ziguma mu kibuga c'indege kugeza indege ibasubiza iyo baje bava canke iyo berekeza ibonetse. Ayandi makuru dukura mu bakorera kompanyi y'indege y'Ababirigi avuga ko urugendo rundi rwa vuba rutegekanijwe ku munsi wa kabiri uza, ni kuvuga igenekerezo rya mbere ukwezi kw'icenda. Amakuru atarashobora kwemezwa ni uko hari aboba bariko baraba ingene bofuma baba baraca muri Tanzaniya hakurindira batazi ryari ikibazo kizokemuka

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG