Uko wahagera

COVID19: Umufasha wa Perezida w'Uburundi ari mu Bitaro muri Kenya


Deniza Bucumi ku musi w'itora
Deniza Bucumi ku musi w'itora

Amakuru y’uko Deniza Bucumi Nkurunziza, umukenyezi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yagiye kwivuza hanze yatanguye kunugwanugwa mw’ijoro ryo ku munsi wa gatatu. Radiyo Ijwi ry'Amerika irayamenya ariko ibanza guhesha kugira ibanze itohoze neza.

Kuri uyu wa kane, icari igihuha kirateba kiba inkuru yo kwizera, ariko n’aho nyene Radiyo Ijwi ry'Amerika iratenyenya gato kugira isubire gushishoza neza. Amakuru Radiyo VOA imaze kuronka ava mu bitaro, Aga Khan, vya kaminuza i Nairobi muri Kenya yemeza ko Deniza Bucumi ubu ari yo arwariye.

N’iradiyo na Televiziyo Citizen ikorera muri Kenya yabitangaje mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu.

Deniza Bucumi agwariye mu gice kirimwo abantu bafise ingwara zo guhema nabi “Troubles respiratoires” mu gifaransa. Biranugwanugwa ko yofa yaranduye umugera wa Corona ariko ni amakuru ateremezwa na muganga wo muri ivyo bitaro.

N’amagara yiwe ntibizwi neza uko yoba yifashe, ko yoba aremvye canke Atari vyo. Ico bikoze, ku munsi w’amatora aheruka, Deniza Bucumi yabonetse kw’ifoto ari gutora I Ngozi, mu maso yijiriwe, nk’umuntu biboneka ko arwaye.

Denise Bucumi
Denise Bucumi

Gusa ikinyamakuru The Citizen cemeje ko mu bantu batatu bacungerera umutekano umutambukanyi wa Perezida Nkurunziza bajanye, umwe muri bo vyamenyekanye ko yanduye ico kiza ca Covid-19.

Aho muri Kenya, hari bimwe mu binyamakuru vyibaza ingene ico gihugu cemeye kwakira abantu boba bafise ibimenyetso vy’ingwara ya Corona kandi harasohotse itegeko ko abantu nk’abo batemerewe kwinjira mu gihugu.

Muti none yagiye gute?

Amakuru aturuka ku kibuga c’indege ca Bujumbura, kandi Ijwi ry’Amerika yagenzuye bihagije, avuga ko indege yatwaye Deniza Bucumi Nkurunziza yahagurutse isaha 5 n’iminota 25 z’ijoro buca haba ku wa kane. Yajanye n’umuganga wiwe, hamwe n’umuforoma.

Yatwawe n’indege y’Umuryango Nyafrika utanga ubufasha mu vyerekeye amagara y’abantu (AMREF). Abegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu baremeza badakekeranya aya makuru. Gusa ntibatomora impamvu yuriye iyo ndege mw’ijoro.

Imbere y’aho gato, amakuru yizewe yemeza ko amatara yabanje kuzima ku kibuga c’indege. Ibi, n’ababa mu gice ikibuga c’indege kirimwo baravyemeza.

Deniza Nkurunziza n’abo bajanye boba batanditswe mu bitabo vy’abasohoka n’abinjira ku kibuga c’indege nk’uko isoko ryacu ry’amakuru rivyemeza, ico bikoze mu bitabo vy’abo vy’inzira (Passport) hoho haratewemwo ibidodo. Ibi n’ikinyamakuru SOS Medias gikorera mu Burundi kiravyemeza.

Ivyo biri uko mu gihe i Gitega, ku mugwa mukuru wa politike w’Uburundi, kuva kuri uyu wa kane, hatanguye igikorane c’iminsi itatu catunganijwe n’umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd.

Ibikorane nk’ivyo Deniza Bucumi yama avyitabira ndetse akabirongora, agafata n’umwanya wo kuvuga ijambo ry’Imana iruhande ya Perezida Nkurunziza.

Yamara kuri iyi ncuro Deniza Bucumi si yo ari. No ku rutonde rw’abazovuga ijambo ry’Imana, Ijwi ry’Amerika yaboneye ikopi, ntawuriko. Mu Burundi hamaze kumenyekana abantu 42 banduye umugera wa Corona, umwe muri bo yaritavye Imana.

N’ubwo biri uko, hari amakuru amaze igihe avugwa cane ko hoba hari abantu bamaze imisi bitaba Imana bazize umugera wa corona. Yamara I Radiyo Ijwi ry’Amerika ntirashobora kuyemeza ku buryo ntasubirwamwo, kubera ko abategetsi b’Uburundi batitaba telefone zabo, iyo tubahamagaye.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Umufasha wa Perezida w'Uburundi Yoba ari mu Bitaro muri Kenya
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:43 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG