Uko wahagera

COVID-19: Uburundi Bwongeye Kugurura Ikibuga c'Indege Gikuru


Kuva kuri uyu wa mbere, indege zitwara ingenzi zasubiye kugwa ukuri kwamye ku kibuga c'indege ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye. Ingenzi ariko hari ivyo zisabwa birimwo ukurindirira mw'ihoteri zatoranijwe na Leta mu gihe c'imisi itatu zimaze kugera ku butaka bw'Uburundi.

Ku ndwi ku ndwi incuro zirenga imwe, indege z’ama kompanyi y’ibihugu vy’u Rwanda, Etiyopiya, Tanzaniya, Uganda na Kenya zizosubira kuguruka zigana umugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi, Bujumbura.

Indege ya Kenya Ariways ni yo yazitanguriye kuri uyu wa mbere ikaba yageze ku kibuga mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye isaha z’ibiri n’iminota mirongo ibiri z’agatando.

Umuyobozi mukuru w’ico kibuga yabwiye abamenyeshamakuru bari bahari ko ingingo zose zashinzwe n’umugwi w’igihugu ujejwe kugwanya umugera wa Covid-19 zitegerezwa kwitonderwa.

Izi ngingo n’umukuru w’igihugu yahaye akarorero abandi bantu na cane cane Abarundi batahuka kugira bazitwararike. Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe Angeline Ndabubaha hamwe n’abandi bantu 19 bari bajanye mu rugendo rw’imisi itanu rwarangiye kuwa gatanu uheze muri Guinee Eqauatoriale ubu bari mu kato bishizemwo kuva batashe ku wa gatandatu w’indwi iheze.

Yururutse indege, Perezida Ndayishimiye yasiguye ko iyi ngingo yayifashe kubera amakenga muri bino bihe vy’ikiza ca Corona ategerezwa kuba umuderi. Ikibuga c’indege ca Bujumbura cari cugaye kuva mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka mu ntumbero yo kugwanya no kwirinda irandagata ry’umugera wa Covid-19. Ariko imbibe zo mu mazi no ku butaka ziracugaye nk’uko itangazo rya Leta ryasohotse mu ndwi iheze ribivuga.

Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa Leta yemera ko hariko hashirwaho inyubako n’ibikoreshso vyo kwa muganga bikenewe mu kugwanya ikiza ca Corona kandi ko iyugururwa ry’izo mbibe rizoba bukebuke hisunzwe ingene izo nyubako n’ivyo bikoresho bizoba biriko birahera gushirwaho binashobora gukora.

Kuva umuntu wa mbere afise umugera wa virusi ya Corona abonetse mu kwezi kwa gatatu mu Burundi, abantu bawanduye bagera kuri 612. 549 barakize, 62 baracavugwa mu gihe umuntu umwe ari we yahitanywe nawo kugeza ubu ufatiye ku bitigiri bitangwa n’abajejwe amagara y’abantu muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afurika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG