Uko wahagera

Burundi: Ibitaro Bisaba Reta Gutanga Ibikoresho Bipima COVID19


Ibitaro Kira Hospital biri mu bisaba ibikoresho
Ibitaro Kira Hospital biri mu bisaba ibikoresho

Bimwe mu bitaro bikorera mu Burundi bivuga ko ata buryo bwo gupima Virusi ya Corona bifise.

Mw'ikete ryahanahanywe kuri uno wa gatanu ku mbuga ngurukanabumenyi, ibitaro vyigenga, Kira Hospital, biri mu vyambere bikomeye muri ico gihugu, vyandikiye ubushikiranganji bw'amagara y'abantu busaba ivyo bikoresho.

Muri iryo kete ubuyobozi bw'ivyo bitaro bugira buti :" Haraheze indwi zitatu hari abarwayi bafise ibimenyetso vya COVID-19 baza kutwitura."

Nk'ejo kw'igenekerezo rya 27, hari abantu batatu batuganye vy'ukuri bafise ibimenyetso nk'abaganga twemeza ko ari ivya virusi ya Corona (Signes Cliniques et notion avérée de contage). Ivyo, twarabimenyesheje igisata kibijejwe mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu: Uko ni ko iryo kete ribandanya rivuga.

Ubuyobozi bwa Kira Hospital busozera ikete ryabwo busaba ubwo bushikiranganji kwihutira kuburonsa ivyo bikoresho.

Ijwi ry'Amerika ryagerageje kurondera Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kurwanya indwara ya Sida mu Burundi co kimwe n'ubuyobozi bwa Kira Hospital ariko izo mpande zose ntitwazironse.

Gusa, Iradiyo y'Abafaransa, RFI, yatwemereye ko yavuganye n'ubuyobozi bwa Kira Hospital bwasiguye ko ata vyinshi buvuga kw'ikete ryabo, ariko ko bwizeye kuronka inyishu bidatevye. Kuri kopi y'iryo kete Ijwi ry'Amerika rifise, biboneka ko ubushikiranganji bwaribonye.

Ikete rya Kira Hospital ryanditswe mu gihe hari hakomeje kumvikana impungenge z'abavuga ko amavuriro atandukanye mu Burundi ata bikoresho vyo gupima umugera wa Corona afise.

Hagati aho, umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi Dr Thadee Ndikumana, mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru yemeje ko ibikoresho vyo gupima no gukinga umugera wa Corona umutunzi wo mu Bushinwa, Jack Ma, yemereye Ibihugu vy'Afurika vyashitse muri ico gihugu.

Ku kibazo c'abemeza ko ibikoresho vyo gupima ikiza ca Corona gihangayikishije isi bidakwiye mu Burundi, muganga Ndikumana yabwiye abamenyeshamakuru ko ata gihugu na kimwe gifise ibikwiye, ko Uburundi bukomeje amasengesho.

Ibikoresho vyo Gupima Umugera wa Corona mu Burundi Vyoba Bikwiye?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:42 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG