Uko wahagera

Burundi: Amashure Yugaye Kubera Ubwoba bwa COVID19 mu Bagabishwa


Ntahorwamiye Prosper

Leta y'Uburundi iragabisha ko ishobora gufatira ingingo ruhasha uwo wese yifatira ingingo ziwe zitari mu ntumbero n’urutonde rw’ivyo Leta yagenye mu bijanye n’urugamba rwo kugwanya no kwirinda ikiza ca corona.

Mw’itangazo yasomye kuri uyu wa gatatu mw’ijoro kuri radiyo na televiziyo vy’igihugu, RTNB, umuvugizi wa Leta y’Uburundi yagarutse ku ngingo zimaze gufatwa anashimira Imana ko ata bwandu bwa Corona buravugwa muri ico gihugu kugeza ino saha.

Prosper Ntahogwamiye mu kugabisha, yatanze akorero k’amashure yegukira ibihugu vy’Ubufaransa n’Ububiligi amaze igihe yugaye inyuma yaho kuwa 17 uku kwezi, hari umwigisha wo kw’ishure mpuzamakungu ry’Abafaransa yiketse ko yoba yaranduye inyuma yo kubonana n’umuntu yasanganywe umugera wa corona i Kigali mu Rwanda mu ntango z’uku kwezi.

Naho Leta igabisha abafata ingingo zitandukanye n'izayo canke itarashikako, urunani rw’Abarundi baba muri Canada « Alliance des Burundais du Canada » kuri uyu wa gatatu bandikiye musenyeri Joachin Ntahondereye, umukuru w’inama y’abasenyeri katolika mu Burundi, isengero risanzwe rifise abantu benshi bariyoboka kurusha ayandi madini n’amashengero rumusaba ko yotanguza ihagarikwa ry’imisa.

Inkuru Yateguwe n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Uburundi Bugabisha Amashure Mpuzamakungu Yugaye Kubera Corona
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:28 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG