Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yahamagariye ba Bulamatari b’intara 18 zigize Uburundi kwihutira gutuza ikiza ca virusi ya Corona no kurwanya biboneka ibiturire.
Mu nama yabahurije ku murwa mukuru wa politike i Gitega, Perezida Ndayishimiye yavuze ko bitarenze iminsi ijana iri imbere Corona izoba yararanduranywe n'imizi mu Burundi.
Perezida Ndayishimiye yagarutse kandi ku kibazo c'ibiturire aho yasavye abo ba bulamatari aheruka kugena kugihagurukira.