Uko wahagera

Uburundi Bwategetse Udufukamunwa ku Bunguruza Abantu n'Ibintu


Umwe mu Bunguruza Abantu mu Ntara ya Bubanza
Umwe mu Bunguruza Abantu mu Ntara ya Bubanza

Ku ncuro ya mbere mu Burundi, abatwara imodoka n'amamoto yunguruza abantu n'ibintu bica amafaranga bategetswe kwamba agafukamunwa kuva kuri uyu wa gatatu.

Iyi ngingo yafashwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano akaba ari nawe atwara komite y’igihugu igwanya Covid-19. Hambavu y'abo batwara imiduga n'amapikipiki vyunguruza abantu, ababafasha barimwo abakunzwe kwitwa aba convoyeurs n’abakokayi nabo babwirizwa kwambara udufukamunwa.

Ingenzi nazo zategetswe ko zizoza ziratwambara guhera kuri uyu wa kane. Ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ku bituro bitandukanye vyaba ivy’ama bus yo mu gisagara n’iziduga mu ntara hagati iyi ngingo yubahirijwe nk’uko amasoko yacu yabitwemereye. Eka n’abanyonzi b’amakinga n’aba motari nico kimwe.

Ariko ikibazo nyamukuru abaganiriye n’Ijwi ry’Amerika bafise n’ubukene bw’udufukamunwa n’igiciro kinini bugurishwako. Mu ntara zo hagati ho abakora akazi ko kunguruza abantu n’ibintu na cane cane abatwara amapikipiki bafise ingorane yo kubura aho bagurira udufukamunwa.

Abatubahiriza izi ngingo n’izindi Reta yagenye zirimwo ukugara amazu y’ubutambiro n’ibiteramo vyo mu bunywero isaba ko bahanwa. Abagarariji mu ntara zimwe zimwe nka Rumonge mu bumanuko hashira uburengero iri mu zegereye ikiyaga Tanganyika abaja mu bihugu vyo mu karere n’abavayo mbere kugera muri Afurika y’epfo bakunze gucamwo, abategetsi baho bamaze gufata ingingo zihariye. Consolateur Nitunga, buramatari wa Rumonge yabitangaje mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu ahejeje inama y’umutekano.

Aberekewe n’izi ngingo zi iyi migwi yonyene. Kuva ku musi wa mbere w’iyi ndwi Uburundi bwafashe ingingo nyinshi mu rwego rwo kugwanya Covid-19 zirimwo ukugara imipaka yo hasi no mu mazi. N’inyuma yaho ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona bisubiye kwiyongera kuva kw’itariki ya kane uku kwezi.

Izi ngingo nk’uko prezida Ndayishimiye yihanikirije ko zibwirizwa gukurikizwa amaze kwita ikiza ca Corona” umwansi w’igihugu” ntizikinishwa. Hari abakongomani 35 bahagaritswe n’igipolisi kuwa mbere bariko baja I Bujumbura binjiriye ku ruzi Rusizi. Ubu bafungiwe mu kibanza cabo nyene muri komisariya y’intara ya Cibitoke. Mu zindi ntara nka Makamba mu bumanuko naho hari uwagerageje gutoroka ibitaro yatoweko umugera wa Corona acarahagarikwa n’abantu bose bari kumwe mu mudokari mu mpera z’indwi iheze.

Ku mupaka Uburundi buhana na Tanzaniya I Kobero mu buraruko bushira ubuseruko hari abantu babwiye Ijwi ry’Amerika ko bagerageje kwinjira kuri uyu wa kabiri ariko bibata kuwamazi.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge-Willy Kaneza

Uburundi Bwakajije Ingingo zo Gukinga Covid-19
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:05 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG