Uko wahagera

Uburundi Bwemeza ko Abarenga 125 Banduye Covid-19 mu Ndwi Imwe


Umushikiranganji w'amagara y'abantu Thadee Ndikumana
Umushikiranganji w'amagara y'abantu Thadee Ndikumana

Abantu 127 ni bo bamenyekanye ko barwaye ikiza c’umugera wa Corona mu Burundi mu kiringo c’indwi imwe. Ivyo biharuro bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS.

Raporo ya OMS mu Burundi yerekana ko muri abo 127, 112 ari abo hagati mu gihugu cane cane mu ntara z’uburaruko nka Ngozi na Kirundo. Abandi bantu bagera kuri 15 na bo babonetseko umugera ni abaje bavuye hanze y’igihugu nko muri Republika ya Demokarasi ya Kongo, muri Tanzaniya, mu Rwanda, muri Kenya no mu Bubiligi.

Iyi raporo yakozwe harimwo n’abahinga bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu isobanura ko mu Burundi, abarwayi b’umugera wa Covid-19 bibonekeza muri rusangi mu turere 8 tw’ubuvuzi tugizwe n’intara 8 kuri 18 zigize igihugu. Ibi birateye amakenga ubushikiranganji bw’amagara y’abantu nk’uko vyatangarijwe i Bujumbura n’umushikiranganji Thaddée Ndikumana. Ahamagarira abantu kwikubita agashi bagakurikiza impanuro zo kwirinda ikiza c’umugera wa Corona. Asigura ko ivyo bitigiri biteye ubwoba. Naho biri uko, Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri ico gihugu buvuga ko n'ubu Uburundi butaremera gukoresha incanco za Covid-19. Mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, Uburundi bwonyene ni bwo bwanse gukoresha incanco za Covid-19.

Hagati aho, kuva ico gihugu cemeza ko cinjiranywe n’uyo mugera, abo kivuga ko bamaze kuwandura barenga ibihumbi 6, abo umaze guhitana bakaba 8, abakirwaye 5300 mu gihe abarenga 770 bakize. N’aho biri uko ivyo bitigiri ntibihurizwako na bose kuko amashirahamwe yigenga yoyo yemeza ko abarwayi n’abahitanywe n’ico kiza barenga abo.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika akorera i Kigali mu Rwanda, Pierre Claver Niyonkuru aradushikiriza iyi nkuru mu Majwi

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:29 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG