Uko wahagera

Abinjira mu Burundi Rwihishwa Bongera Ubwandu bwa Covid 19


Thadee Ndikumana umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi
Thadee Ndikumana umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thedee Ndikumana amenyesha ko inyuma yabo baza n’indege hari abaca mu kinywabi bakinjiza uwo mugera mu Burundi. Abo rero Thadéee Ndikumana amenyesha ko bagiye gufatirwa ingingo ruhasha.

Abantu 178 nibo banduye umugera wa Corona mu mezi abiri aheze no mu ntango ya kuno kwezi kwa cumi n'abiri 174 baje bava hanze y’Uburundi, mu gihe bane banduriye mu Burundi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana amenyesha ko ikiza kigihari arico gituma abarundi bategerezwa kubandanya gukurikiza amategeko yo kwingira.

Muri kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, umushikiranganji Thadée Ndikumana yamenyesheje abo baza mu Burundi bakabasangana uwo mugera wa Corona iyo baza baturuka n’ingene binjira mu Burundi.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko inyuma yabo baza n’indege hari abaca mu kinywabi bakinjiza uwo mugera mu Burundi. Abo rero Thadéee Ndikumana amenyesha ko bagiye gufatirwa ingingo ruhasha.

Muganga Thadée Ndikumana asaba abashaka impapuro zerekana ko batanduye baba abava mu Burundi baja mu makungu canke abavayo ko bategerezwa kwubahiriza amategeko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwashinze.

Muri kino gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko amahoteri amwe amwe atubahiriza amategeko y’abantu bari mu kato. Kubera ivyo, muganga Ndikumana amenyesha ko amahoteri yose yakira ingenzi ategerezwa gusinya amasezerano na reta yo gukurikiza amategeko agenga abari mu kato abatayakurikije bagahanwa vy’akarorero.

Kugeza rero uno musi nkuko bishikirizwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu abamaze kwandura ico kiza kuva giteye ari 692, 630 barakize, 61 baracari ku miti nayo umwe akaba ariwe amaze kwitaba Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG