Uko wahagera

Burundi: Abiga mu Mashure y'Indaro Bategerezwa Gupimwa Corona


Gervais Ndirakobuca atwara umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza c’umugera wa Corona mu Burundi
Gervais Ndirakobuca atwara umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza c’umugera wa Corona mu Burundi

Umugwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza c’umugera wa Corona wategetse ko abanyeshure bose barenga ibihumbi 30 bo mu mashure y’indaro bagenda bipimishije uwo mugera. Ndetse n’abiga mu mashure yigenga n’abo nyene bararabwa n’iyo ngingo. Ni mu gihe umwaka w'ishure uzotangura mu ntango z'ukwezi kuza kwa 9. Uwo mugwi watangaje kandi ko gushika ubu ata rucanco rwa Covid-19 rurashika mu gihugu c’Uburundi. Ico kiza kimaze guhitana abantu 38.

Umugwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza c’umugera wa Corona wemeza ko hamwe abanyeshure bose batipimishije ico kiza bohava bagikwiragiza hirya no hino mu gihugu kuko bava mu mihingo itandukanye. Jean Baptiste Nzorironkankuze, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, avuga ko uwo mugwi wategetse ko abo banyeshure bose biga baba mu ndaro mu gihugu bapimwa imbere y’uko umwaka w’ishure utangura mu kwezi kuza.

Mu ntango z’uku kwezi kw’8, Uburundi bwaremeye kwakira inkingo za Covid-19 zizotangwa n’ibanki y’Isi yose biciye mu mugambi wo gukinga witwa Covax, nk’uko vyatangajwe n’uwo mugwi nyene. Yamara gushika ubu uwo mugwi wamenyesheje ko ata rucanco rurashika mu gihugu kandi ko ata muntu n'umwe aricandagishiriza mu Burundi.

Ico bikoze, n’aho izo ncanco zoshika mu gihugu, uwutwara uwo mugwi ari we mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, yarakuriye inkoni ku gishitsi abarundi ko Reta itazokwigera ibahimiriza kuja kwikingiza, ivyateye amakenga abatari bake. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS ryerekana ko Uburundi kiri mu bihugu bidashira inguvu zikwiye mu kurwanya ikiza ca Covid-19.

Aha ndetse, hari abashingwamanza bahurikiye mu runani CAVIB berekanye ko ico gihugu gishobora kwitwarirwa mu masentare kuko kidakingira abo kijejwe, ico bise “non assistance à la personne en danger”. Kuva ico Kiza cadutse mu Burundi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwemeza ko abamaze guhitanwa n’umugera wa Corona ari 38, abamaze gufatwa n’abo barenga ibihumbi 10.

Yamara, hari abatemera ivyo bitigiri nk’amashirahamwe yigenga kuko kuri bo, abarwara n’abahitanwa n’uwo mugera wa Corona ari benshi kurusha abo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG