Uko wahagera

Covid-19: Uburundi Bwakuyeho Ikiringo c'Imisi 4 yo Kwikumira ku Ngenzi


Umuforomakazi ariko apima umunyagihugu

Guhera kuri uno wa mbere, ingenzi zinjira mu Burundi ziciye ku kibuga c’indege Mechior Ndadaye ntizizosubira gushikira mu mahoteri yatororokanijwe na reta mu kurindira ibipimo vyerekana ko banduye covid-19.

Ubu abantu binjira mu Burundi naho bazoba babapimye bakabasangana umugera w’ico kiza barashobora gushikira mu miryango yabo. Ibipimo navyo ntibizorenza amasaha 24 nkuko bishikirizwa na muganga Jean Baptiste Nzorironkankuze, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru

Iyo ngingo yafashwe n’umugwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca covid-19 yakiriwe neza na bamwe mu barundi na cane cane abasanzwe bafata ingendo. Bamenyesha ko imiryango izohungukira vyinshi.

Côme Konakuze umushakashatsi mu ngwara zandukira mu bihugu biri musi y’ubugaragwa bwa Sahara amenyesha ko iyo ngingo ishobora kugira inkurikizi mbi. Ku bwiwe muri kino gihe hariko haribonekeza ihindagurika ry’uwo mugera wa Corona amenyesha ko atari igihe ciza c'uko Uburundi bworosha ingingo zari zihasanzwe.

Muganga Jean-Baptiste Nzorironkankuze yamenyesheje ko umugera mushasha wa coronavirus uvugwa mu bihugu nk’Ubuhindi bafashe umwanya wo kuwuhanahanako ivyiyunviro. Bapfunditse ko ico kibazo bagiye kubandanya bagikurikira bikaba ngombwa reta ngo izofata ingingo zibereye.

Yanamenyesheje kandi ko imbibe zihuza Uburundi na Tanzaniya i Mugina na Kobero zuguruwe ariko abahaca bakazobanza gukorerwa ibipimo vyihuta nkuko bikorwa ku mupaka wa Gatumba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG