Uko wahagera

Umupaka wa Gatumba Uhuza Uburundi na DRC Wasubiye Gukora


Umupaka wa Gatumba uhuza igihugu cy’ Uburundi na Repubulika ya demokarasi ya kongo

Kuri uyu wa kabiri umupaka wa Gatumba uhuza igihugu cy’ Uburundi na Repubulika ya demokarasi ya kongo wafunguwe. Uwo mupaka wari umaze amezi agera kuri atandatu upfunze kubera ikiza ca Corona.

Abawukoresha naho biruhukije, binubiye amafaranga agera ku madorali 30 leta y’Uburundi yashizeho yo gupima ikiza cya corona abanyamahanga bazowunyurako. Umuyobozi ushinzwe igipolisi kijejwe imbibe mu Burundi Maurice Mbonimpa yabwiye ijwi ry’Amerika ko impamvu zatumye bashiraho ayo mafaranga ari uko ibikoresho vyo gupima ikiza kuri uwo mupaka vyabatwaye uburyo bwose.

Mu gihe ayo mafaranga azorihishwa abanyamahanga gusa, abarundi bo bazowucako bobo bazoriha amafaranga ibihumbi 15 vy'amarundi. Ku ruhande rw’umupaka wa Kavimvira aho Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo ihanira urubibe n’igihugu cy’uburundi, abarundi n’abakongomani bajyaga i Burundi bazoza barasabwa kwishura igipimo cya virusi ya corona kizamara iminsi 14 idorale 5.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG