Uko wahagera

Polisi ya Uganda Yataye muri Yompi Bobi Wine Atavuga Rumwe na Reta


Bamwe mu bashigikiye Bobi Wine igihe ahagarikwa mu kwezi kwa kane mu 2019
Bamwe mu bashigikiye Bobi Wine igihe ahagarikwa mu kwezi kwa kane mu 2019

Polisi ya Uganda yataye mu mvuto umuririmvyi akaba n'umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi Bobi Wine. Yatawe muri yompi inyuma yo kubuzwa kugirisha ikoraniro n’abamuyoboka.

Bobi Wine yaramaze gutangaza ko azokwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu. Polisi ya Uganda yasanzaje abari baje kumwumviriza ikoresheje ivyuka bikoroza amosozi. Ni mu gihe abajejwe gutegura amatora bari barekuriye Wine gukoresha iryo koraniro.

Robert Amsterdam, umushingwamanza wa Bobi Wine abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yiyamirije ifatwa ry'uwo yunganira n'abandi bahagaritswe avuga ko ihagarikwa ryabo ryabaye ritisunze amategeko. Robert yemeje ko umukiriya wiwe afungiwe mu gasho ka polisi kari ahitwa Naggalama.

Si ubwa mbere amakoraniro ya Bobi Wine n'abamushigikiye aburijewemwo na polisi. Akatari gake kandi ibiteramo vyiwe vy'umuziki vyaraburijwemwo na polisi yasigura ko vyageramira umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG