Uko wahagera

Bobi Wine Ari mu Nzira Atahuka muri Uganda


Bobi Wine

Inyuma y'iminsi yari amaze ariko yivuza muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, umushingamateka atavuga rumwe na Reta ya Uganda, Bobi Wine, kuri uno wa kane vyitezwe ko ariho azoshika mu gihugu ciwe.

Bobi Wine yari amaze iminsi yivuza ibikomere vyavuye ku gufatwa bunyamaswa n'abakorera inzego zijejwe umutekano, aho yamara imisi mu minwe yabo bamusambisha ku vyaha yagirizwa vyo guhemukira igihugu.

Abategetsi ba Uganda bavuze ko bazorungika aba Polisi bamutegera ku kibuga c'indege bakongera bakamuherekeza kugera ku muhana wiwe mu ntumbero yo gukingira umutekano wiwe. Yamara, polisi yagabishije abategekanya gukora imyiyerekano ko itemewe co kimwe n'amakoraniro, yongera itomora ko abarekuriwe kuza kumutegera ari umuryango wiwe wa hafi gusa.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter aho yari ageze i Amsterdam mu Buholande, Bobi Wine yagarutse kuri ayo majambo ya Polisi yibutsa ko ari Umuganda, afise uburenganzira bwo kuja aho ashaka no gutegerwa n'abavyipfuza.

Ntibiramenyekana ryari umushingamateka Kyagulanyi Ssentamu, yamenyekanye nk'umuririmvyi kw'izina rya Bobi Wine azosubira kuburana ku vyaha yagirizwa. Gusa, azoburana yidegemvya inyuma yaho yemereye kuriha ingwati asabwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG