Uko wahagera

Abadepite 3 Batewe ku Ngo Zabo muri Uganda


Muri Uganda, ibitero n’izindi ngorane ku bashingamateka badashigikiye ikurwaho ry’ingingo mw’ibwirizwa shingiro rijanye n’imyaka y'amavuko umukuru w’igihugu adakwiye kurenza ari k’ubutegetsi, birabandanya.

Mu gitondo co kur'uyu wa kabiri Robert Kyagulanyi azwi kw’itazirano rya Bobi Wine, yazinduwe n’urwamo rw’ibintu vyaturikiye muhira iwe. Amagerenade atatu yatewe ku rugo rwiwe, ariko ntawe yahitanye.

Kyagulanyi abaye umushingamateka agira gatatu atewe gerenade mu kiringo c’indwi imwe. Avuga kw’iterabwoba rimaze igihe rimugirwako, kandi kw’imiduga itandukanye hamwe n’abantu atazi bamukurikira kugeza no ku rugo rwiwe.

Ku rubuga rwa Twitter, umuvugizi wa reta Ofwono Opondo yanditse yagiriza abatavuga rumwe na reta kuba aribo bariko baratera ivyo yise “gerenade zitari nyazo” kugira bavyegeke kuri reta.

Abatari bake mu bashingamateka ba Uganda bagiye bafatwa bagapfungwa umwanya muto muri izi ndwi za vuba. Bagirizwa kugumura abanyagihugu hamwe no guteza uruhagarara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG