Uko wahagera

Uganda: Umushingamateka Bobi Wine Arakitswe n'Amagara


Umunyeporitike arwanya ubutegetsi bwa Uganda Robert Kyagulanyi azwi nka Bobi Wine (hagati) atwarwa mu rukiko rw'i Gulu, mu buraruko bwa Uganda, itariki 23/08/2018.
Umunyeporitike arwanya ubutegetsi bwa Uganda Robert Kyagulanyi azwi nka Bobi Wine (hagati) atwarwa mu rukiko rw'i Gulu, mu buraruko bwa Uganda, itariki 23/08/2018.

Bobi Wine, umuririmvyi kirangiranwa wo mu gihugu ca Uganda arwanya politike ya Prezida Yoweri Museveni amaze igihe kirekire ku butegetsi, yagirizwa ivyaha vyo guhemukira igihugu, mur’iki gihe arafise ingorane z’amafyigo.

Amakuru ariko aratangazwa n’umushingwamaza wiwe, avuga kandi kw’akeneye kubonana n’umuganga mu buryo bwihutirwa.

Bobi Wine yarekuwe mu misi ibiri iheze kandi yagendera ku bibando igihe yava mw’ibohero.

Raporo yo kwa muganga yaremeje ayo makuru y’ingwara y’amafyigo ibangamiye uyo muririmvyi w’umushingamateka yitwa Kyagulanyi Ssentamu, nk’uko umushingwamanza wiwe Medar Sseggona yabibwiye ibiro bijejwe gutororokanya amakuru, Associated Press.

Ssentamu, ariko aravurirwa ku bitaro vyigenga vyo ku muwa mukuru Kampala, yavuze kw’igihe yar’akiri mw’ibohero, bamukanye amagara yiwe kandi ko gushika ubu, ababara mu kiyunguyungu.

Mur’iki gihe umushingwamanza wiwe avuga ko bariko barakora ibishobotse vyose kugira ngo Ssentamu anyarukanwe mu bihugu vyo mu mahanga kwivuza nk’uko bitangazwa n’umushingwamanza wiwe.

Ssentamu yarekuwe ku musi wa mbere abanje gutanga ingwati, inyuma y’aho we hamwe n’abandi bantu 32 bagirijwe ivyaha vyo guhemukira igihugu.

Umudereva wiwe yarishwe arashwe n’abajejwe umutekano, nk’uko bishikirizwa na bamwe bamwe, ariko reta ya Uganda yarahakanye ivyo birego.

Bitegekanijwe ko Ssentamu hamwe n’abandi bari kumwe bagirizwa ivyaha, barenguka imbere y’umucamanza ejo ku musi wa kane, mu rubanza rwo kwihweza ibirego yagirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG