Uko wahagera

Uganda: Bobi Wine Yarekuwe vy'Agategekanyo


Bobi Wine aho yarenguka mu ndwi iheze

Umuririmvyi azwi cane muri Uganda, Bobi Wine kuri uno musi wa mbere yarekuwe ahabwa uburenganzira bwo kuburana yidegemvya. Ni inyuma y’imisi we na bagenzi biwe bari bamaze bapfunzwe kandi bavuga ko bariko bakubagurwa.

Uwo mushingamateka w’imyaka mirongo itatu n’itandatu akaba amazina yiwe y’amavuko ari Kyagualnyi Ssentamu, yari muri sentare kuri uno musi wa mbere yishimikije ibibando. Avuga ko yakubiswe bikomeye n’inzego zijejwe umutekano aho yari mu munyororo.

Ssentamu yahagaritswe n’igipolisi kw’itariki 14 z’uku kwezi kwa munani.

Umucamanza yarekuye Bobi n’abandi bagenzi biwe bagirizwa icaha co guhemukira igihugu. Ni mu ruhara bagirizwa kuba baragize, mu bantu bateye amabuye imiduga y’umukuru w’igihugu Yoweri Museveni mu ntango z’uku kwezi.

Imiduga ya rusehabaniha yari irindiriye gutwara Ssentamu kwa muganga inyuma y'aho arekuriwe. Insinzi y’abantu ryari iri hanze ya sentare rimuhayagiza aho yasohoka. Abantu batari bake bateye akaruru bavuga amajambo yagiye aravugwa cane n’uwo mushingamateka Ssentamu ati “abanyagihugu bafise inguvu”.

Inyuma yo kurekurwa, Gerald Karuhanga, umwe mu bagenzi ba Ssentamu, yabwiye ikinyamakuru co muri Uganda NTV ati “ ubu dufise inguvu ziruta izo twari dusanzwe dufise.”

Ivyo bibaye inyuma yaho sentare ya gisirikare mu ndwi iheze yari yakuyeko Ssentamu icaha co gutunga inkoho n’amasasu atabifitiye uburenganzira. Iyo sentare yahavuye imurekura ariko aca asubira guhagarikwa yagirizwa icaha gikomeye kurusha, co guhemukira igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG