Uko wahagera

Bobi Wine Yongeye Gutabwa Muri Yombi


Kyagulanyi Ssentamu, umuririmbyi w’umuziki wa pop akongera akaba ari umushingamateka mu gihugu ca Uganda avurwa ko atonekara umubiri wose inyuma yuko akubiswe bikomeye ari mu mvuto.

Iyo nkuru yatangajwe, uno musi ku wa gatatu, n’icegera c’umuku w’inama nshingamateka ya Uganda, Jacob Oulanyah. Ivyo ni mu gihe reta ya Uganda iriko iraremerwa kugira irekura Kyagulanyi Ssentamu azawi kw’izina rya Bobi Wine ariko ahangana n’intwaro imaze igihe kirekire ya Perezida Yoweri Museveni.

Jacob Oulanyah, yabwiye abamenyeshamakuru ko, Kyagulanyi Ssentamu, yari anezewe naho yakubiwe bikomeye. Uwo avuga ko Bobi atari akwiye gufatwa gutyo, ngo ntavyari bikenewe, ngo yamara vyarabaye.

Reta ya Uganda irahakana ivyagirizo vy’uko yafashe Kyagulanyi Ssentamu bunyamaswa. Igipolisi casohoye amasanamu ya videwo yerekanana Ssentamu ariko aramwenyura igihe Oulanyah yamugendera.

Mu ntango z’iyi ndwi umwe mu baburanira Ssentamu, Robert Amsterdam, yatangaje ko umukiliya wiwe yafashwe bunyamaswa ku buryo atazosubira kaba nkuko yari ameze imbere yaho.

Umudereva wa Ssentamu yarishwe arashwe n’abavurwa ko ari inteko zijejwe umutekano.

Ssentamu, afise imyaka 36 muri iki gihe, yahagaritswe hamwe n’abandi bashingamateka batavuga rumwe na reta 4, batatu muribo bakaba bagirizwa ivyaha vy’uguhemuka. Umushingamateka agira kane yajanywe mu bitaro kubera ibikomere yagize igihe yari mu nvuto.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG