Uko wahagera

Bobi Wine Yabujijwe Kuja Kwivuriza mu Mahanga


Umuririmvyi w'Umuganda yahindutse umunyapolitike, Robert Kyagulanyi
Umuririmvyi w'Umuganda yahindutse umunyapolitike, Robert Kyagulanyi

Abishigikiye umushingamateka akomeye atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda, Robert Kyagulanyi, azwi kw’izina rya Bobi Wine bihereje amabarabara y’i Kampala, kuri uyu wa gatanu. Ni inyuma y’aho igiporisi congeye kumuhagarika ariko aragerageza kuva mu gihugu ngo aje kwivuriza mu mahanga.

Robert Kyagulanyi, yahagaritswe ari ku kibuga c’indege i Kampala ku musi wa kane mw’ijoro. Umushingwamanza wiwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Kyagulanyi yaciye atwarwa ku bitaro vya Reta, kugira basuzume ko vy’ukuri arwaye.

Uwo mushingwamanza wiwe, Medard Ssegona, yashikirije ko Kyagulanyi aburanira akitswe n’amagara, kandi yari yarungitswe kwisuzumisha muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Kyagulanyi ni umwe mu bashingamateka batanu bahagaritswe mu ntango z’iyi ndwi bagirizwa kugira uruhara mu ruhagarara aho abariko bagira imyiyerekano batera amabuye imodoka itwara Perezida Yoweri Museveni. We na bagenzi we bavuze ko bakubishwe bongera baraborezwa igufa mw’ibohero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG