Uko wahagera

Bobi Wine Yarashoboye Gushika muri Amerika Kwivuza


Bobi Wine imbere yo guhaguruka ava ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Entebbe, Uganda, itariki 31/08/2018.
Bobi Wine imbere yo guhaguruka ava ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Entebbe, Uganda, itariki 31/08/2018.

Umuririmbyi w’umuziki wa pop akongera akaba ari umushingamateka mu gihugu ca Uganda, avuga ko yakubaguwe n’abajeje umutekano yarashitse muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kwisuzumisha no kwivuza.

Robert Kyagulanyi, azwi kandi kw’izina rya Bobi Wine, niwe yavyiyandikiye ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko yashitse muri Amerika, ariko ntiyashimye kuvuga aho aherereye.

Mw’ijoro ryo ku musi wa kane, igiporisi ca Uganda caramuhagaritse hamwe n’umushingwamanza wiwe Francis Zaake aho bari ku kibuga c’indege i Kampala bagerageza kuva mu gihugu. Igiporisi cabagiriza guhemukira igihugu kandi ko bari bahunze.

Kyagulanyi, umushingwamanza wiwe Zaake hamwe n’abandi bashingamateka batatu batavugarumwe na reta bari mu bandi bantu 30 bahagaritswe mu ntango z’ukwezi kwa munani bagirizwa kugumura abantu bateye amabuye bongera baronona imodokari yari itwaye Perezida Yoweli Museveni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG