Uko wahagera

Uganda: Umushingamateka Bobi Wine Yatahutse


Abaje gusanganira Bobi Wine muhira iwe

Umushingamateka atavuga rumwe na Reta ya Uganda, Bobi Wine, kuri uno wa kane niho yatahuka mu gihugu ciwe inyuma y'iminsi yari amaze ariko yivuriza muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Akimara gushika ku kibuga c'indege ca Entebe, Bobi Wine yahagaritswe na polisi ku mpamvu zitaramenyekana, ihava imurekura imuherekeza gushika ku muhana wiwe.

Polisi yari icungereye aho Bobi Wine yabarijwe
Polisi yari icungereye aho Bobi Wine yabarijwe

Naho abakunzi biwe batemerewe kuja kumusanganira ku kibuga c'indege, bamusanze ku muhana iwe aho yavuze ijambo abashimira yongera ashimangira ko atazohesha urugamba rwiwe.

Bobi Wine ariko ashikiriza ijambo abakunzi biwe baje ku mutegera
Bobi Wine ariko ashikiriza ijambo abakunzi biwe baje ku mutegera

Amakuru atangazwa n'ibinyamakuru muri Uganda yemeza ko bamwe mu bari baje kumutegera barimwo mwene wabo batawe muri yompi.

Polisi yari yakajije umutekano ku murwa mukuru Kampala yabwiye Ijwi ry'Amerika ko yabikoze kuko abari biteguye kuja kumutegera ari "abagizi ba nabi".

Umushingamateka Kyagulanyi Ssentamu, azwi kw'izina ry'uburirimvyi rya Bobi Wine, atahutse muri Uganda inyuma y'indwi zitatu yari amaze muri Amerika. Yarimo yivuza ibikomere vyavuye ku gufatwa bunyamaswa n'abakorera inzego zijejwe umutekano, aho yamara imisi mu minwe yabo bamusambisha ku vyaha yagirizwa vyo guhemukira igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG