Uko wahagera

Ikirangaminsi c'Amatora yo mu 2020 mu Burundi Cagiye Ahabona


Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI washize ahabona ikirangaminsi c'amatora yo mu 2020.

Imyiyamamazo izotangura ku wa 25 ukwezi kwa kane, amatora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'abahanuzi b'amakomine abe kw’igenekerezo rya 20 ukwezi kwa gatanu, ay’abakenguzamateka nayo abe itariki ya 20 ukwezi kw’indwi hahereze ay’abahanuzi bo ku mitumba igenekerezo rya 24 ukwezi k'umunani.

CENI yasiguye ko iki kirangaminsi gitanzwe hakiri kare mu ntumbero y’uguha amahirwe abazoja mu matora kuyitegurira mu mwanya ubereye. Ni amatora ariko ategurwa mu gihe hari abanyepolitike batari bake bahunze igihugu mu 2015 bavuga ko batiteguye kuza muri ayo matora icuka kitaratosoka.

Hambavu y'abo banyepolitike bahunze inyuma y'imvururu zakurikiye ukwitoreza iyindi manda ya Prezida w'Uburundi, hari kandi n'abamenyeshamakuru baharurwa mw'ijana bahunze, abanyagihugu bagera ku 350 nkuko HCR ibivuga n'abari mu mashirahamwe adakiranira inyungu za politike.

Amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu akomeje gusaba amakungu n'abakuru n’indongozi z’akarere kugondoza ubutegetsi bwo mu Burundi kugirana ibiganiro n’abanyepolitike bahunze kugira batahuka mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo mu 2020, bibaye ngombwa akegezwa inyuma.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Ikirangaminsi c'Amatora mu Burundi Gitunganije Gute?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:18 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG